homepagekirundi

Bo ntibitayeho ko yoba iriko itera ikibazo c’uko yitwa n’uko ishobora kutazovuzwa

Inyuma yo kwumvikana izina ry’indirimbo umuririmvyi Big Fizzo ashobora gusohora vuba ariko ikaba itaraja kumugaragaro yose haba kuri platform ziwe nka YouTube n’ahandi ushobora gusanga indirimbo z’uwo muririmvyi Big Fizzo adasiba kuyiririmba mubiteramo agenda arabonekamwo aho ntitwokwibagira nk’ihiganwa rya Primusic iyo ndirimbo yumvikana kenshi cane.

Aho biriko bivugwa na bamwe mu bakunzi b’umuziki W’Uburundi bagira bati :

“Indirimbo ya Fizzo F…….u iraryoshe bivanye n’ubutumwa yaririmvyemwo ariko ikaza kwicwa n’izina yayihaye kandi ko iryo zina rinagaruka kenshi akaba arico kizonatuma idashobora kuvuzwa kumaradiyo atandukanye”.

Aho ni mu gihe iyo ndirimbo uyisanga kumbuga ngurukanabumenyi z’abakunzi b’umuziki aho twovuga nka Facebook canke Whatsapp status yo rwanabaye urubuga rwo gushikiriza ikiri ku mutima bivanye n’uko abarundi benshi ariyo bakoresha cane aho twovuga abanyagihugu bakoresha Smartphone cokimwe na bamwe mu baririmvyi.

Aho niho uzosanga bakoresha iyo ndirimbo cane bashaka gushikiriza ubutumwa kubo bita abagenzi barumumpekure; bikaboneka ko uretse ko ishobora kutazovuzwa ku masamirizi yaba aya hano iwacu ishobora kuba indirimbo ikunzwe cane.

Iyo ndirimbo akaba ari iyi mu majambo :

What's your reaction?

Related Posts

1 of 739