footballgroups-at-messagekirundi_SportsSportsport_promoted

#Slovakia| Bon Fils Caleb yaronse umurwi mu shasha

Umasatirizi yamuka mu Burundi, Bimenyimana Bonfils Caleb yigeze gukinira Inter stars ,Vitalo fc na Rayon Sports yamaze gusinya muri  Slovakia.

Caleb yari asanzwe akinira umurwi wo muri Latvia yitwa FK RFS (FK Rīgas Futbola Skola). Ubu yamaze gusinya imyaka 2, akinira FK Pohronie yo muri Slovakia iherereye mu muji wa Ziar nad Hronom.

Mu nkino bakinira iwabo bambara imyambaro y’umuhondo n’ubururu, naho basohotse ikambara imyambaro yiganjemwo ubururu.

Caleb yayagiye Rwandamagazine ko yashimishijwe no kugurwa na FK Pohronie kuko ngo hazomufasha gutera imbere mu mwuga wiwe.

Ati ” Ni ibintu vyiza kuri jewe kuko nabishimye”, “Bampaye ivyo nifuza, nshimishwa ko ari ikipe iri ku rwego rwiza ruzomfasha kubandanya ntera imbere mu mwuga wanje .”

Yavuze ko FK Pohronie yamwifuje kuva mu mwaka uheze arikowe batumvikanye na FK RFS yari agifitiye amasezerano.

Ati ” Nasanze baramaze gutangura ihiganwa. Ukuntu banyizeye bakanzana , nanje nditeguye gukora cane ngo nzobereke ko batanyihenzeko.
Ubu nza namaze no gutangura n’imyimenyerezo.”

Muri 2017 niho Caleb yashika muri Rayon Sports avuye mu Burundi muri Vital’O FC .

Caleb ari mu bakinyi bafashije Rayon Sports gushika mu ca ¼ ca CAF Confederation Cup muri 2018 kuko muri saison 2017/2018 yari yayitsindiye ibitsindo 10 umurwi wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 326