BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Boris Evrard yoba ari mu bazofatanya na Dj Paulin?

Ugukoresha ibiteramo abaririmvyi b’abarundi mu mahanga, ngo ntivyahebwe ahubwo vyari bikiriko birategurwa, kandi imyiteguro ni myiza kuko biregereje.

Ivyo biheruka gushikirizwa na Dj Paulin ubwiwe mu kiyago aheruka guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Uwo mu Dj akaba n’umugwizatunga, akaba yashikirije ko amaze kugiriranira ibiyago n’abategura ibiteramo mu bihugu nka Canada na Amerika.

Umwe mu bategura ibiteramo muri ico gihugu ariwe Boris Evrard Mucowintore, ari no mu baheruka guhamagara abanyarwanda 2, The Ben na Nel Ngabo, ashobora kuba ari mu bazofatanya na Dj Paulin.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo musore asanzwe aba muri Canada, yasangije abamukurikirana Isanamu ry’ikiganiro Dj Paulin yagiranye na Juste Gaël noneho ariherekeza n’amajambo agira ati : ” Après Nel Ngabo et The Ben ninde azokurikira?…”

Naho atatomoye ko ari abarundi, bishoboka ko boba aribo bazohava bateramisha abo mu miryango y’abumva ikirundi baba muri ico gihugu.

Mwomenya ko Dj Paulin yamenyesheje ko abaririmvyi 2 aribo bazobanza kuzungurutswa, kuko ico gikorwa gisaba uburyo bwinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775