homepagekirundikirundi_Sports

Brarudi rigiye guhora ritanga ubushimwe ku bakunzi b’umupira w’amaguru

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI, ribicishije ku kinyobwa Primus, ryaratanguje kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 03 munyonyo 2019, ihiganwa ry’abakunzi b’imirwi (FANS) yose iri mucicaro c’ambere « Primus Ligue » ngaha mu Burundi. Iryo higanwa rikaba ariryo gutora umurwi wa mbere mwiza w’abakunzi b’umupira w’amaguru batanga umunezero ku bibuga bitandukanye vyo ngaha mu gihugu cacu.

Iryo higanwa ryatanguye ku musi w’Imana igenekerezo rya 03 munyonyo muntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, aho abakunzi b’umurwi wa Musongati bazwi kw’izina rya “Ijwi Fans” bari baje gushigikira uyo murwi wabo wariko utana mu mitwe na mukeba wabo ariwe Flambeau du Centre usanzwe ari uwo mu gisagaraca ca Gitega. Abo bakunzi ba Musongati nibo batahukanye iryo higanwa ryo kuri uyo musi ndetse bahabwa n’ibahasha ringana n’amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000) yo kwivuna akanyota.

Tukabibutsa ko iryo shirahamwe Brarudi ritegekanije akandi gashimwe gashimishije k’umurwi w’abafana uzotorwa kwariwo wigenjeje neza mu mpera z’igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus Ligue.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871