Umwe mu bagize umurwi bakunze kwita Nkunda abantu ukora umuziki w’akaranga ariko uvanze n’uw’uwugezweho, Tradi-moderne, yitavye Imana.
Uwo tuvuga ko Bernard yitavye Imana afise imyaka 33 y’amavuko, uwo akaba yari mu murwi waserukiye Uburundi mu mahiganwa n’amasabukuru atari make muri ino myaka 15 iheze.
Nkuko amakuru amaze kumenyekana abivuga uwo musore akomoka mu muryango w’abaririmvyi yahitanywe n’ingwara yaragwaye haraheze igihe gito. Iyo ngwara tutarabasha kumenya ikaba yamuhitanye kuri uyu wa 6 igenekerezo rya 18/1/2020.
#Burundi L’artiste Bernard Ndoricimpa du groupe "Alfred&Bernard" qui a fait ses débuts sur la scène nationale et internationale avec leur album "Nkunda abantu", a rendu son âme ce samedi 18 janvier 2020 suite à une courte maladie. pic.twitter.com/7fCowwatDG
— Indundi mag (@indundimag) January 18, 2020
Mukamenya ko uwo mwana akomoka mu muryango ni Mathias yamenyekanye cane mu mirwi ndangakaranga yari ikomeye hano iwacu. Uwo we n’ubu akaba akibandanya gukora umuziki, kuko anaheruka gushira ahabona amasanamu y’akaririmbo gashasha yakoranye n’umurwi abagarukirakaranga asanzwe abarizwamwo.
Tukaba dukojeje uwo muryango wabuze, kandi tunahoza igihugu cose kuko kibuze umuririrmvyi akaba n’umucuraranzi w’ibicurarangisho kavukire akomeye cane.