Etienne Ndayiragije yigeze kuba umumenyereza mukuru w’umurwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars niwe agiye kumenyereza umurwi nserukira gihigu Inramba mu rugamba .
Etienne akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo murwi mu kiringo c’imyaka 2 ari kumwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de brigde de Police Muyenge Alexandre .
Ndayiragije akaba asubiriye Jimmy Ndayizeye yari amaze igihe ahetse Ku mugongo uwo mugwi.
Ni Intambwe kubona Uburundi bugize umumenyereza yigenga kandi afise amasezerano .
Mwomenyako Etienne Ndayiragije yahora amenyereza umurwi Bugesera Fc wo mu gihugu c’Urwanda .
Mwakiriye gute iyo nkuru?