footballhomepagekirundikirundi_Sports

Breaking News: Etienne Ndayiragije niwe akuye ku Ngoma Jimmy Ndayizeye

Etienne Ndayiragije yigeze kuba umumenyereza mukuru w’umurwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars niwe agiye kumenyereza umurwi nserukira gihigu Inramba mu rugamba .

Etienne akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo murwi mu kiringo c’imyaka 2 ari kumwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de brigde de Police Muyenge Alexandre .

Ndayiragije akaba asubiriye Jimmy Ndayizeye yari amaze igihe ahetse Ku mugongo uwo mugwi.

Ni Intambwe kubona Uburundi bugize umumenyereza yigenga kandi afise amasezerano .

Mwomenyako Etienne Ndayiragije yahora amenyereza umurwi Bugesera Fc wo mu gihugu c’Urwanda .

Mwakiriye gute iyo nkuru?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890