East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Breaking News | Harmonize ntakibarizwa muri WASAFI

Ivy’ikinjura rya Harmonize muri Wasafi vyahavuye bishirwa ahabona, ubu uwo muririmvyi ngo hari ivyo yamaze gusaba uburongozi bwa WCB.

Uno musi ngo mubabarizwa muri WCB, Harmonize ngo ntarimwo, ivyo vyashikirijwe na Sallam Sk umwe muba Manager ba WCB mu kiganiro Block89 gica kuri Wasafi Fm na Wasafi Tv eka no kuri Youtube y’ico kinyamakuru.

Muri ico kiganiro, havuzwe ko Harmonize yamaze kwandika ikete asaba uburongozi bwa WCB ko amasezeano bari bafitanye yohagarikwa. uwo akavuga ko ibishoboka vyose yiteze kubikora kugira bikunde atandukane nabo, ico nabo bavuga ko bashimye.

Sallam Sk aho yari yabanje kuvuga ko umutima wa Harmonize utakibarizwa muri WCB, ariko ikimugumije muriyo ngo ari inyandiko bashize umukono imbere yuko batangura gukorana. Ari naco gituma atakiboneka cane mu bikorwa vy’abagize uwo murwi nka WAsafi Festival.

” Umutima wa Harmonise nturi muri WCB, ariko uravye mu mpapuro aracari muri WCB. Kuberiki mvuze uko, Harmonize yaramaze kurungika urwandiko rusaba ko amasezerano yiwe na WCB yorangizwa. Kandi akaba yiteguye guca mu ntambwe zose zishoboka ngo ayo masezerano ahagarare. “

 

Sallam Sk akaba abishikirije mu gihe hari hagize igihe hari urukurukuru ko uwo muririmvyi atakiri muri uwo murwi w’abaririmvyi, ivyo bigafatanywa nuko uwo muririmvyi yahanaguye ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko akiri musi y’uburongozi bwa WCB

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769