BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Bruce Melodie na Big Fizzo ngo basangiye ibiyeri gusa

Uno musi icizere Cari gihari, nuko Indirimbo ya Mugani Desire na Bruce Melodie yoba iri mu nzira, hasigaye gato cane ngo isohoke.

Uwo muririmvyi aheruka gutahuka avuye mu bikorwa ku mugabane w’Uburayi, we siko abibona.

Mugani mu kiganiro yatanze akirwa n’abamenyeshamakuru, yavuze ko ico babonye ku mashusho ngo Nico cabaye, nta kirenga kirya cabonetse.

Big Fizzo yemeza ko ata ndirimbo bafitanye na Bruce Melodie, ariko icabaye nuko urya musi ngo basangiye ibiyeri, banatera inkuru gusa. Ariko ngo nihagira ikizotegurwa ngo bazobimenyesha.

Ivyo abishikirije mu gihe abantu batari bake bari barindiriye iyo ndirimbo, ariko Kandi hakaba hanibajijwe nyene iyo ndirimbo uwariwe, ubona ko Bose Ari ibihangange mu bihugu bakomokamwo.

Iyo ndirimbo ya Bruce Melodie na Big Fizzo ikaba yaharurwa mu bikorwa yaba Mugani Desire co kimwe na Bruce Melodie bakoreye ku mugabane w’Uburayi, ubona ko Bruce yari yagiye agendanye n’abakora Indirimbo ziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775