BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Bruce Melodie yamuhaye akaganuke k’imiliyoni 360

Mu gihe bahimbaza isabukuru y’amavuko y’umugore wiwe, Bruce Melodie yamubwiye amajambo akomeye, anamuha akaganuke, Gift, y’imodoka itari mu zigurwa n’uwariwe wese.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda abishikiriza, ngo ari mu baririmvyi badakunze kwerekana cane umugore wiwe, ariko buri gihe iyo amuvuze canke amwerekanye, avuga amajambo akomeye cane.

Nkuko y’ama yabikoze rero n’ubu yasubiye Kandi kumuvugako amajambo Atari yoroshe, kuko mu mutima uciye bugufi, yashize hejuru uwo mugore kuko yamubaye hafi mu bihe vyoroshe n’ibitari vyoroshe.

Nayo ku Modoka ifise agaciro k’imiliyoni zirenga 360 z’amarundi, uwo muririmvyi yavuze ko afise akantu gato kotuma umusi wiwe uba uwudasanzwe.

Bruce Melodie ngo afise umugambi wo kugira ubugeni n’uwo mugore wiwe bamaranye imyaka itari mike, ubu bakaba bafise abana 2.

Bruce Melodie akaba yamwipfurije isabukuru Nziza mu gihe yaravuye i Bugande, aho yaravuye gukorana Indirimbo n’umuririmvyi wo muri ico gihugu, Palasso.

Muri urwo rugendo nyene, Bruce Melodie yabashije guhura na Natacha, aho vyavuzwe ko bafise ibikorwa bazokorana, ariko ngo bitarabasha kuja mu ngiro.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775