East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Bruce Melodie yatanze umuco kw’ifatwa ryiwe na ShaddyBoo

Bruce Melodie yatanze umuco ku vyavuzwe hirya no hino ku biheruka kumushikira, bikavurwa ko ari mu minwe y’abajejwe umutekano.

Bruce Melodie yavuze ko yafatiwe muhira, atari mu musi mukuru “Anniversaire” nkuko abatari bake babivuze.

Mu kiyago yagiranye na Sabin Murungi, yavuze kandi ko uwo abatari bake bavuze ko bafunganye, ShaddyBoo, ngo atarivyo kuko mubo batwaye bakura muhira iwe, niwe n’uwundi ariko Shaddy we ngo nta wamukozeko.

Bruce melodie ikindi yatanze ko umuco n’impamvu batabatwaranye. Impamvu ngo nuko abajejwe umutekano bashitse muhira iwe kare bahamagawe n’umubanyi noneho babanza kwanza kuraba uwuriko aratera iyo nduru, noneho bumva niwe, niko guca bamushorera.

Bruce Melodie yavuze ko yagumanye mu minwe yabo imisi 2. Aho yarafungiwe ngo n’ikibanza catowe gishirwamwo abantu baba barenze amategeko muri Kino gihe, kiri kuri kamenuza iri i Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769