East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Bruce Melody na ShaddyBoo babarizwa mu gasho

Bruce Melody na SHaddy Boo ngo ubu babarizwa mu gasho iKigali, aho bafashwe n’igipolisi barenze amategeko nkuko amakuru ava i Kigali abishikiriza.

Imvo n’imvano y’ugufatwa kw’ivyo vyamamare ngo nuko barenze ku mategeko agenga kwirinda ikiza ca Corona Virus. Abo bose uko ari babiri bakaba bafatiwe mu nzu y’umuntu.

Ivyo bamwagiriza harimwo kunywera inzoga mu nzu z’abandi kandi bitemewe hamwe n’ukuvuza umuziki cane bagatera induru abantu, navyo kandi bikaba bitemewe.

Gushika ubu i Kigali mu bimaze kurekurwa hakaba hatarimwo kugirira imanza mu nzu, canke guhurira mu kibanza kimwe muri abantu benshi. Nayo kuvuza indirimbo canke mukavuga cane bigatuma abantu bari ku mpande zanyu bagira ikibazo birabujijwe cane.

Ntiharamenyekana Igihano bazohanishwa kuri ayo makosa bafatiwemwo. Ariko mukibuka ko Meddy yigeze gufatwa ariko atwara imodoka yanyoye inzoga noneho bituma bamufunga ikiringo c’indwi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 794