culturehomepage

Bujumbura : Ingoro y’imicokama n’ubuhinga igiye guhindurwa isoko y’ubudandarizo

N’aho abaririmvyi bahora bayikoreramwo ibiteramo bari biyamirije ko ingoro ndangamico y’i Bujumbura igiye guhindurirwa ivyo ikorerwamwo. Himirije gutunganirizwa isoko igurishirizwamwo ivyavuye mu migambi y’urwaruka rw’abarundi. Abari hagati y’amajana abiri n’amajana atatu bashobora kuharonka ibibanza.

Ntiharamenyekana itarike bizotangurira ariko umuhuza bikorwa w’umugambi PAEEJ ufasha ugaherekeza urwaruka rwitunganiriza imigambi yemeje kuri uyu wa mbere ko ingoro y’imicokama n’ubuhinga “Palais des arts et de la culture”vuba izoba isoko ritoya ry’ivyavuye mu migambi y’urwaruka rw’abarundi.

Désiré Manirakiza umuhuzabikorwa muri PAEEJ agira  ati :” Hariho abo twumvise bavuga ngo hagiye kororerwa inkoko, inkwavu ariko sivyo, rizoba ari isoko ritoya nokwita “Mini super Marché ” kugira dufashe urwaruka kuronka amasoko atari ayo hanze y’igihugu ariko ya hano iwacu kandi ya kijambere.

Ubu rero iyo nyubakwa iriko irasubiramwo. Abandanya amenyesha ko hashobora kuzokwandwa ivyahinguwe n’urwaruka ruri hagati y’amajana abiri (200) n’amajana atatu (300) .

Umuhuzabikorwa w’urwo mugambi asigura ko uko bizokorwa atari nka kurya umwe wese yozana imeza agatereka mu kibanza ciwe ahubwo ko icahinguwe cose kizoba kiriko ikimenyetso bica “code barre” umuguzi azoza muri iryo Soko akagitora ina co azoca aronka ubutumwa bumwereka ko catowe mugabo si we azoza kukigurisha , harashobora kuzonatunganirizwa n’igikoni c’ibihingurirwa i Burundi.

Yamara rero uwo mugambi wo guhindura ico iyo nyubakwa ikorerwamwo wari wiyamirijwe n’abaririmvyi bamwe bahoze batunganiriza ibiteramo muri iyo ngoro.

Mu kwezi kwa 5 umwaka 2023 , abo baririmvyi bari basavye ko bitokorwa kuko bibaye kwoba ari uguhemukira imicokama. Bamwe bagira bati :” Bibaye uko , vyoba ari ivyo gutera ivyatsi, hari mu nama Umushikiranganji w’ico gihe yari ajejwe imicokama yabagirishije.”

Ezéchiel Nibigira yasiguye ko umugambi nk’uwo usanzwe kuko ataho ibintu biroye ari ivya Reta mu yindi. Yongeyeko ko kubera urwaruka ruriko rurimbura ku bwinshi, abanyamahanga babwirizwa kuronka rero aho babisanga.

Ibiteramo ndangakaranga vyahora bitunganirizwa muriyo ngoro ndangakaranga vyari vyagiye biragabanuka kuva mu myaka y’ibihumbi 2016 haja harakorerwa cane ibijanye n’amahayanisha gurisha. Aho muri iyo nama yahuje abaririmvyi n’umushikiranganji yababwiye ko hari iyindi ngoro iriko irategurwa kugira izoje iraberamwo ibijanye n’imicokama n’ubuhinga bizoja biraberamwo ariko ntiyatomoye neza aho itumbereye.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672