homepagekirundi_Sports

Warren Chebby yarungikiye ibikoresho abinonorera imitsi kuri Jardin Public

Inyuma yaho Warren Chebby atangiye infashanyo ku mugwi wa Ruvubu Academy w’i Mwakiro mu ntara ya Muyinga hashikiriwe abo kuri Remy Fitness .

Kuri uwu wa mbere Igenekerezo rya 11 Kigarama 2023 , niho umurundi aba mu bwongereza Ndayishimiye Warren Chebby yarungikiye ibikoresho vyo gukora Imyimenyerezo yo kwinonora imitsi umugwi Remy Fitness usanzwe ukorera imyimenyerezo yo kwinonora imitsi mu kibanza ca Jardin Public kiri mu gisagara ca Bujumbura .

Ivyo bikoresho birimwo ibirato hamwe n’imyambaro akaba yabirungitse mu ntumbero yo gishigikira ibikorwa vy’uwo mugwi asanzwe nawe nyene yinonoreramwo imitsi, na cane cane iyo ari mu gihugu c’Uburundi .

Ivyo bikoresho bikaba bigiye gutangwa ku banywayi ba Remy Fitness kuri uwu wa kane Igenekerezo rya 14 Kigarama 2023 igihe c’isaha imwe n ‘iminota 45 (7h45) kuri ico kibanza basanzwe bakoreramwo imyimenyerezo.

Mwomenya ko atari ubwa mbere uwo murundi azanira ibikoresho abarundi bene wabo harimwo n’I
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807