BurundiBusinessCuteEconomyhomepagekirundi

Basabwa gukora ibishoboka vyose kugira abahaburiye bashobore kubandanya imirimo yabo

Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi asaba ko amatohoza yokorwa vuba hamenyekane icateye umuriro mw’isoko ya Kamenge. Alain Guillaume Bunyoni avuga ko  abashikiranganji batandukanye umwe wese mu bimuraba bogira ico bafashije kugira abahora badandariza muri iyo soko babandanye imirimo yabo.

Umushikiranganji Bunyoni abivuze inyuma y’aho mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatandatu isoko ya Kamenge yadutsemwo umuriro ugahitana ibidandazwa bitari bike.

Haba we co kimwe n’umukuru w’inama nshingamateka bashitse kuraba ivyabaye basaba abubaka amasoko ndetse n’izindi nyubakwa kwama basigaza inzira zicamwo imiduga izimya mu gihe c’amasanganya nk’ayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768