BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Coronavirus: Hatowe abandi bantu 15 banduye

Ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko abandi bantu icumi na batanu bamenyekanye ko banduye umugera wa Corona.

Ni inyuma yo gupima abantu 18 batabarijwe n’ibitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abandi 71 babonanye n’abarwaye uwo mugera.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Rusama 2020, bumenyesha kandi ko abantu 9 bakize, kuri 15 bari mu bitaro, bakaba bahawe uburenganzira bwo gutaha iwabo.

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaboneyeho gusaba abanyagihugu kudaha agaciro ibihuha biza biracishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ibinyamakuru ndetse n’amaradiyo amwe amwe yo hanze y’igihugu, ahubwo babandanye batekanye batibagiye gukurikiza impanuro bahabwa n’abaganga zijanye no gukinga irwiririkana ry’ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765