BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Intara icenda nizo zimaze kwibonekezamwo umugera wa Coronavirus

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante uwu mwaka, mu bushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bamenyesha ko bamaze gupima abantu bagera ku bihumbi icenda n’amajana indwi n’umunani (9708), muri abo, abantu bagera ku majana atatu na mirongo ibiri n’umunani (328) basanze baranduye Covid-19, umwe muri abo akaba yaritavye Imana nayo abandi bagera ku majana abiri na mirongo itatu n’indwi (237) barakira.

Kugera ubu, ngo abantu mirongo icenda nibo bariko barakurikiranwa n’abaganga.

Intara zimaze kwibonekezamwo ico kiza akaba ari intara ya Bujumbura benshi bakunze kwita Bujumbura Rural, Bujumbura Mairie, Cibitoke, Gitega, Ngozi, Makamba, Kayanza, Rumonge hamwe na Ruyigi.

Ahamaze kwibonekeza abanduye barenga umwe mu ntara zo hagati mu gihugu akaba ari mu ntara ya Gitega na Rumonge aho muri izo ntara hamaze kwibonekeza abantu batandatu batandatu mu gihe mu ntara ya Ngozi naho hamaze kwibonekeza abantu batatu. Izindi ntara nka Cibitoke, Makamba, Kayanza na Ruyigi hamaze kwibonekeza umuntu umwe umwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765