homepagekirundisecurity

Primusic2019 : Abantu batanu nibo baraye bakomerekeye mu giteramo

 

Abantu batanu nibo baraye bakomerekeye mu giteramo c’ihiganwa rya Primusic caraye kibaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Mukakaro umwaka w’2019 ku kibuga c’ishure ryisumbuye ry’imyuga ETS Kamenge.

Nk’uko vyashikirijwe na OPP1 Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubushikianganji bw’umutekano no gukinga ibiza mu gihe c’isibe, ngo nta ngorane zikomeye zaraye zishitse muri ico giteramo kiretse umusunikano w’abarorerezi banigana bashaka kubona umuririmvyi w’umutanzaniya Diamond Platnumz watumye abantu bashika kuri batanu bahakomerekera yamara igiporisi kikaba ngo caciye kibabangukana ku mavuriro atandukanye kugira bavurwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755