BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buramenyesha ko hari abandi bantu basanze baranduye Covid_19

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko hari abandi bantu basanze baranduye Covid_19.

Bubicishije ku rubuga rwabwo rwa Twitter, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kureanya Sida, bumenyesha ko abantu icenda bashasha baheruka gutorwako umugera wa corona mu ndwi iheze, biyongera kuri cumi na babiri bari basanzwe bariko baravurwa, abo 9 bose ngo bakaba baje bava hanze y’igihugu.

Babiri muri abo ngo bakaba bazanwe n’indege y’ishirahamwe ry’igihugu c’Ububirigi, Brussels Airlines, umwe azanwa n’indege ya Ethiopian abandi batandatu nabo akaba ari abari bahungutse.

Kugeza igenekerezo rya 25 Nyakanga, ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, vyerekana ko abanduye bose hamwe ari 485, umwe akaba ariwe amaze gupfa kubera ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765