homepagePolitique

Burundi: Umugambwe CNDD-FDD usaba ko amashure yindaro yosubira kurungikwamwo abanyeshure kuva mu mwaka w’ishure wa 2024-2025

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD- FDD abona ko hari amashure menshi y’indaro ubu arimwo abanyeshure bake , mbere ugasanga n’ibirasi bigaragara.Mukiganiro yatunganije kubamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 02 Nzero 2024.Reveriyano Ndikuriyo yavuze ko bagiye gusaba Reta ngo isubire ije irarungika mu mashure y’uburaro abanyeshure bose bafise abavyeyi bashobora kubarihira amafaranga y’ibifungurwa.

Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe muri ico kiganiro,Reveriyano Ndikuriyo ariko avuga kubijanye n’igisata c’inyigisho kubijanye n’amashure y’indaro,avuga ko bitumvikana ingene abana biga bataha kandi hari amashure ya Reta agaragara akagira ati:”Akarorero ni kw’ishure nka Lycée Makamba ushobora gusangako nk’abana amajana atatu ( 300 ) kandi yahorako igihumbi n’amajana abiri ( 1200).”

Reveriyano Ndikuriyo wewe agira ati :“Ubu boraba urugero rw’amanota runaka hama mu ndaro hakarungikwa umunyeshure wese afise umuvyeyi ashobora kumurihira ivyo afungura kw’ishure. Kuko kwiga baba kw’ishure vyigisha abanyeshure kubana n’abandi, bikabubaka muri kazoza, kuko batizanya isabuni, bagasangira…”

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yaragarutse kumashure amwe amwe avuga ko asa n’ayagaragara nk ishure ryisumbuye rya Kiganda, Gishubi,Rusengo, Busiga,Tangara hamwe n’ahandi amasomero yoba ari ariko ata na kimwe ariko arakoreshwa.

Niko gutangaza ko kuva m’umwaka w’ishure uza hazosubiraho amashure y’indaro kuko ayo mashure mukubakwa yatwaye uburyo butari buke bwa Reta.

Uyo aramutswa umugambwe CNDD-FDD  vyo rero ngo biriko birigwa n’ubunyamabanga ntunganyabisata bujejwe imibano  muruwo mugambwe bukoranye n’ibisata vya Reta kugira mu kwezi kw’icenga hasubire kungururwa amashure atari make.

Inkuru yanditswe na Dieudonné Niyoyanzigamiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671