Burundihomepagekirundi

Nyabiraba:Indyane z’amatongo ziriko ziratorerwa umuti

Muri komine Nyabiraba, haracibonekeza amatati y’amatongo, 0abanyagihugu bavugako ari bake wosanga badafise icokibazo.Kugira ayo matati agabanuke canke ahere, igisata ntunganyamatongo ca komine Nyabiraba muntara ya Bujumbura kiriko kirandika amatongo kubavyipfuza.

Amatongo 303 niyo amaze kwandikwa mu gisata ntunganyamatongo ca commune kuva mukwezi kwa 5 kw’ umwaka w’i 2022 igihe ico gisata catangura gukora nyezina kuva aho kironkeye ibikoresho vy’ ibanze.

Kubera ko ico gitigiri c’abandikishije amatongo kikiri gito, abanyagihugu baremeza ko amatati y’amatongo aho i Nyabiraba akiri menshi . Gushika ubu hari abavuga ko ivyo kwandikisha itongo batabitahura kuko batabisiguriwe bikwiye.
Bavugako udutabo tubahimiriza kwandikisha amatongo yabo baduhawe ariko ko bamwe babifashe minenerwe kuko batavyumva neza canke bakavugako atamafaranga bararonka yo kuyandikisha.

Abandi bavugako batarandikisha amatongo yabo kuko akirimwo amatati mumiryango yabo.

Uko biri kose , abanyagihugu bose bavuganye n’umumenyeshamakuru wacu aho i Nyabiraba baratahura ko kwandikisha itongo ari ngira kamaro. Bati biragabanya amatati y’amatongo, bituma ubaho utekanye ukamenya ko n’iyo hokwaduka amatati woronka uko itongo ryawe urisigura, n’abana uraze itongo baba batekanye bazi bati itongo ryacu ni iri, rica aha rikagera aha.

Abo banyagihugu b’i Nyabiraba basaba ko hoba amahimiriza menshi kubatarabitahura kandi kwandika itongo bigakorerwa kwitongo nyene kugira ngo hadutse amatati abantu bose ariho bari, ayo matati ace avaho atorewe umuti, kuko ubu bemeza ko hari amatati ahora aca avuka inyuma y’ukuyandikisha.

Uwurongoye igisata ntunganyamatongo i Nyabiraba avuga ko gushika kw’itongo bikorwa kandi n’abajejwe intwaro kumutumba baba babimenyeshejwe bakahashika , bikamenyeshwa abanyagihugu bose mukumanika urupapuro ruvuga ko itongo rya naka riri aha n’aha rizokwandikwa iri genekerezo, rukamanikwa mukiringo c’amezi abiri.

Musitanteri Michel Mpitabakana yemera ko amahimiriza agiye kubandanya kugira abanyagihugu babandanye bandikisha amatongo yabo maze amatati y’amatongo agabanuke ndetse abayandikishije bashobore no kuyasabira ko ingurane mu mabanki.

Kwandikisha itongo bitangurwa no gusaba kuryandikisha mu gushikana ibisabwa mugisata ntunganyamatongo ca commune Nyabiraba, munyuma icogisata kigashika gupima iryo tongo inyuma y’amezi abiri bimenyeshejwe. Vyose hamwe, uwandikisha itongo bimutwara ibihumbi cumi na bibiri (12) vy’amafaranga y’amarundi gushira ko ibihumbi bitanu (5) canke igihumbi (1) ku metero kwadarato imwe (1) bivanye nuko itongo riri kumurwa mukuru wa commune Nyabiraba canke mu misozi.

Inkuru yanditswe na Jotham Iratuzi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748