BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Uwundi muntu umwe basanze yaranduye Coronavirus

Ubushikranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko uwundi muntu yamenyekanye ko yanduye umugera wa Corona inyuma yo gupima abantu 60 babonanye n’abarwayi 5 baherutse gutangazwa n’ubwo bushikirangaji. Abo nabo bariko barakurikiranwa mu bitaro vyitiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore.

Mw’itangazo ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2020, bwamenyesheje ko uwo yanduye yakora imyimenyerezo (stage) mu bitaro vyitiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore mu gisata kivura abafise ibikomere (chirurgie).

Muri iryo tangazo nyene ubwo bushikiranganji bubandanya bumenyesha ko igikorwa co kurondera kumenya ababonanye n’uwo yanduye catanguye. Baheraheza basaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza ko kirandaranda mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765