Burundihomepagekirundi_SportsYvan muziki

CAF Confederation Cup: Vital’o Fc yanyagiwe ibitsindo 4-1 na New star y’i Douala

Umugwi vital’O Fc wari waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup wasezerewe muri ayo mahiganwa urinze kunyagirwa imvura y’ibitsindo.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Kigarama, isaha icenda z’umuhingamo (15h00) Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore niho hari haramutse haba urukino rwo gusubiriza rwa Caf confederation Cup rwahuza Umugwi Vital’o Fc, hamwe n’Umugwi New star y’i Douala muri Cameroun. Urwo rukino rukaba rwarangiye Vital’o Fc inyagiwe n’uyo mugwi New star ibitsindo 4-1.

Ivyo ibitsindo vya New Star vyose uko ari 4 bikaba vyatsinzwe n’umusatirizi wabo ariwe Junior Field Ngongang, Ivyo bitsindo akaba yavyinjije Ku munota ya 4, 25, 32 n’uwa 82, mu gihe ica Vital’o Catsinzwe Ku munota wa 43 Na Olivier.

Mukibuka ko mu rukino rwa mbere rwabereye I Douala rwarangiye iyo migwi Yompi inganije 0-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 830