BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundi

Vichou yavuze impanuro yahawe na Nyina amanuka I Bujumbura

Umuvyeyi wa Vichou ntiyigeze amuzibira ngo yanke ko amanuka I Bujumbura, ariko yamutekereye impanuro za kivyeyi kugira aze yitware neza.

Inyuma yo guhurira I Bujumbura,  Vianney , Bosco na Huguette bakaganira bahuza, bakibukanya uko babanye ruguru iwabo, ngo bahavuye basanga bahuje ingabire imwe yo kuririmba, iyo ica ibatuma bashima gushinga umurwi bise Peace and Love kubera umuti w’urukundo wabarangwamwo. Ivyo bikaba ari bimwe muvyo uwo muririmvyi yashikirije mu karirimbo History aheruka gushira ahabona

Muri ako karirimbo kagizwe n’amajambo y’inkoramutima, Vichou atangura yidondora aho avuga ko umuvyeyi amuvyara yitwa Razaro, bakaba bakomoka I  Kirimba. Mu gice ca 1 c’iyo ndirimbo avuga aho yahereye umuziki, I gitega. Avuga ko yawiga buri gihe iyo ari mu kiruhuko, noneho haza ugushaka kuwugira umwuga kugira uzombesheho.

Vichou avuga ko Imana yahezagiye uwo murwi batanguye naho batarambanye, kuko hampande y’ukuyora ubushimwe mu mahiganwa hamwe n’ukwitabira ibiteramo bitandukanye , umwe muribo ,Huguette, yahavuye abasezera kuko yari yabaye umukizwa. Haheze igihe na Bosco batazira Bobo Peace and Love nawe Imana iramuhamagara,ariko we ngo yagumye ku kivi nk’umu Commando.

Vichou anavuga ko Amafaranga yamushikanye I Bujumbura ngo yayahawe na Nyina ariko agenda amutekereye impanuro aho yamusavye kuba maso, kuko mu gisagara hari ingwara z’ubwoko bwose, abantu b’ingeso mbi hamwe n’abantu bafise imitima mibi.

Uwo murwi ntiwagarukiye kuririmba gusa kuko ufise ububare butandukanye kandi bukomeye mu gisagara ca Bujumbura, ubwo bakaba banabukoreramwo Karaoke ari naho abatari bake babazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760