africa newshomepagekirundi

Cameroun : Urwaruka rwakoze umuti wo gukaraba kugira birinde CoronaVirus

Muri Cameroon, Urwaruka ruhurikiye mu murwi Local Youth Corner rwagiye hamwe rutangura gukora umuti wo gukaraba ku ntoke bita mu kinyamazuru Desinfectant. Uwo muti bakaba bawuha abantu batandukanye ata kiguzi bashizeko kugira bashigikire abantu muri bino bihe bitoroshe ico gihugu kirimwo.

Imvo n’imvano y’ugushaka gukora ico gikorwa, uwo murwi uvuga ko ari kubera babonye uburyo ibiciro vy’iyo miti bimaze kuduga igiciro bimwe bikomeye, kandi itanakomeye neza ngo bibashe kubafasha.

Uwo murwi uvuga ko wo ukora uwo muti ku rugero rwatanzwe n’ishirahamwe ry’amagara y’Abantu kw’isi -OMS-. Aho ni mu gihe abahinga bavuga ko iyo miti kugira ikore neza, bisaba ko iba ifise 60% ya Alcool.

Mu migambo ufise n’ugutanga uducupa tw’iyo miti 5000, ubu bakaba bamaze gutanga udushika 1000 gusa, kandi bakaba batanga iyo miti mu gisaga ca Yaounde gusa.

Aho mukibuka ko umuti wonyene ushoboka kugira wikingire ico kiza ari ugukara n’amazi meza n’isabuni kenshi gashoboka, kandi ayo mazi nyene ari ikibazo gikomeye mu bisagara birimwo abantu benshi kandi ata mikoro akwiye bafise.

Mukibuka ko ico kiza kimaze gufata gushika ubu abarenga 1.000.000 kw’isi nayo abarenga 57, 000 bakaba bamaze kwitaba Imana.  Nayo abamaze gufatwa benshi bakaba  babarizwa mu bihugu nka Leta zunze ubumwe za amerika, Italy hamwe na Spain, kuko ivyo bihugu bifise 40% y’abamaze gufatwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755