BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Canco Hamissi yaratahukanye ubushimwe mpuzamakungu

Imbere yuko yitaba Imana, Canco Hamisi yakoze ibikorwa bikomeye kandi vyatanze ishusho nziza ku gihugu. Mu bikorwa vyiza yakoze ni nko guserukira Uburundi mu mahiganwa atandukanye aho harimwo n’ayo yatahanyemwo ubushimwe.

Canco Hamisi yavukiye mu ntara ya Ngozi, avuka mu muryango w’abana 9. yize amashure yisumbuye ahitwa Burengo kuri Don Bosco, se yarashegeye ariko nyina aracariho, kandi aracaba mu ntara ya Ngozi nyene.

Ibikorwa vy’umuziki yabitanguye kera cane, kuko ku myaka 20 y’amavuko, Canco yaratanguye gutwara ubushimwe mu mahiganwa. Akoresheje akaririmbo kiwe Nta cica nk’irungu mu mwaka w’1977 aba atahukanye agashimwe mw’ihaganwa ryateguwe n’ubushikiranganji bw’imicokama, mu gice c’indirimbo iririmbwe n’umuntu umwe.

Canco ntiyahagarikiye ngaho kuko yabandanije azunguruka kuko inyuma y’imyaka 2 gusa atwaye ako gashimwe yaciye yinjira mu mugwi The Explores watwarwa na Nikiza David, wahavuye uhinduka witwa Amabano. Muri uwo mugwi Canco yakoranye n’ibihangange nka Nikiza David na Africa Nova, ahava anahakorera ibintu vyinshi birimwo indirimbo Ewe Burundi Ngira ndakuririmbe.

Mu mwaka w’1981, nukuvuga mu mwaka wa 4 inyuma yo gutwara agashimwe ka 1, akaririmbo kiwe Sokuru wari intwari nako gasubira kumuteturura gatwara ubushimwe butandukanye kandi mpuzamakungu nka agatangwa n’insamirizi RFI y’abafaransa biciye mw’ihiganwa Prix Concour decouverte RFI, eka kanaronka akandi gashimwe kitiriwe Prix Kalao mu gihugu ca Senegal neza neza I Dakar.

Iyo ntwari ituvamwo mu mwaka w’1996 itariki 6 z’ukwezi kwa 4. Akaba yasize abana batari bake bamwe barimwo abamwiganye mu kuririmba, mbere n’abandi bafashe izindi ngabire.

Umuryango wa Canco ukaba waremerewe ibintu bitari bike uko imyaka Igenda ihera, ariko amakuru dukura mu begereye uwo muryango nuko atana kimwe cigera gikorwa. Bakaba basavye bagenzi bacu baheruka kubagendera ko bobasabira abagize ico bemera gusubira kubaserukako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775