BurundiEntertainmentkirundimusic

CEO na Manager wa Bantu Bwoy boba batabona ibintu kumwe ?

Hagati ya Big Fizzo na Stein ngo ibintu vyoba bidahagaze neza, mu yandi majambo hagati ya CEO na Manager wa Bantu bwoy akayaga koba kadahita neza. Ivyo bikaba bivurwa kubera ibiheruka kuba kuri uwo mugwi muri Concert y’imyaka 7 y’akavyiniro Cristal.

Mu gihe Kirikou na Double Jay ibintu vyari bitanguye gushuha kuri Scene, Big Fizzo ntiyashimye ko babandanya kuririmba, ahubwo atangura kubaza impamvu bariko baririmba, niko guca ababwira ngo bamanuke ntibasubire kuririmba.

Ariko rero nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu ba Akeza aho baganira na MC Sadiki ari nawe yari MC muri ico giteramo, ngo abo baririmvyi boba bari basabiwe kugira baririmbe muri ico giteramo, barabemerera ariko babanje kubankira. Uwasaba ko Kirikou na Double baririmba ngo yari manager wabo ariwe Stein.

Bamaze kwemererwa, ngo Big Fizzo nawe yaciye yankira abo basore, ariko guca babimenyesha abariko baratanga ibibanza -MC-, aho n’inyuma y’ukumara akanya babahamagara ariko batababona. Haheze akanya niko kubona babasore basaba kuririmba, noneho bagira baririmbe, ingwe iba yahageze.

Urukurukuru ni rwose kuvyoba vyarabaye hagati ya CEO na Manager, kuko ngo hoba habaye ukutabona kumwe ukuririmba kw’abo baririmvyi muri ico giteramo, naho bo ubwabo ataco barabivugako.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587