homepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_SportsUncategorized

Chabalala abandanya yitwara neza mu gihugu kibanyi c’Urwanda

Ni umukinyi w’umurundi akina mu mugwi AS Kigali aho ariko arabikora neza cane, gutyo akaba ariwe ari mu kibanza ca mbere mukubona mw’igori akaba afise ibitsindo 15, akarusha uwakabiri ibitsindo 3 vyose.

Ku mazina yitwa Hussein Shabani batazira chabalala aho yatanguye gukinira umugwiyatanguriye mu mugwi wa Burundi Pax aca yerekeza muri Nile Olympic,uvuye muri Nile aca Aja muri Flambeau de l’Est, avuye Flambeau yaciye yerekeza muri Vitalo FC, avayo aja Magaju FC mu gihugu c’Urwanda, mu nyuma yunguruza muri Rayon Sports, avayo aja Baroka FC, yavuye mu Rwanda yerekeza muri Éthiopien Coffee ,agarutse yaciye akinjira As Kigali ari nayo abarizwamwo muri Kino gihe.

Chabalala akaba yanatumweko mu mugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba, aho bariko baritegurira imigwi nserukiragihugu nka Cameroun mu kurondera itike ryo gukina ihiganwa ry’igikombe ca Afrika rizobera mugihugu ca Côté d’ivoire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 894