BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Champion Album, Andy Mwag arayizhirahabona igenekerezo rya 12/11

Igenekerezo rya 12/11 niho rwa rukurikirane twari twabamenyesheje ko umuririmvyi Andy Mwag buca ashira ahabona azorwereka amakungu.

 

Nkuko amakuru dukesha urubuga rw’uwo muririmvyi abishikiriza, harateguwe igiteramo kizoba kuri iryo genekerezo nyene, kikazobera kuri IFB guhera isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Urwo rukurikirane azoshira ahabona nkuko twari twabibabwiye rukaba rwitiriwe Champion, aho rugizwe n’indirimbo 10 ataririmvye wenyene, kuko yafatanije n’abandi baririmvyi.

Muri izo ndirimbo zakozwe na Arnaud Gasige, uwo muririmvyi akaba amaze gusohoramwo amasanamu y’imwe murizo, iyo nayo akaba ari “Karadunda”, Indirimbo iza mu Kibanza ca 2 kuri urwo rutonde.

Ico gikorwa c’ishirwa ahabona ry’izo ndirimbo kikaba gifashwe mu mugongo n’ikinyamakuru Indundi, co kimwe n’ishirahamwe Burundi Film Center.

Ukwinjira akazoba Ari 10,000 ku muntu kuze, hamwe n’5,000 ku bari musi y’imyaka 25.

Tubibutsa ko Andy Mwag Ari musi y’uburongozi bwa Label yitwa Kuza Muzik.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775