BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Chany Queen ngo Big Fizzo yarabeshe

BIG Fizzo ngo yoba yarabeshe amakungu, mu kiganiro yakoreye muri PJ Classic FM, akoranye na Edisson Ndayahoze.

Uwo muririmvyi aheruka kuvuga ko Channy Queen yashatse kumushira muri Bantu Bwoy ariko ngo asanga ntari Serieux mu bikorwa aba ariko arakora.

Big Fizzo yagiriza Channy Queen kudakore ibiganiro, akibaza nimba uwo muririmvyikazi ashobora kuba aba yibereye mu biyeri nkuko yabivuze muri ico kiganiro.

Channy Queen nawe ntiyaheranywe kuko nawe yakigarutseko mu biganiro aheruka guha Vibrant News na Hit Top Tv 1. Channy avuga ko uwo muririmvyi atigeze amwegera ngo amubwire ko yipfuza ko bakorana.

Channy ngo iyo akabwirwa icipfuzo gihari, ngo ubwo bu Serieux yarakeneweko ntibwari kureka kuboneka. Channy muri ico kiganiro, yanavuze ko ico yabuze kuva kera ngo n’uwumushigikira mu bikorwa vyiwe, kuko we akora ivyo ahambije.

Ikibazo c’ukuba Serieux uwo muririmvyikazi naco yakigarutseko muri ivyo biganiro aheruka gukora, aho yavuze ko yahuye n’ama Label menshi amwemerera ibintu ariko ntabikore. Akaba avuga ko mu gihe uwo baganira Atari Serieux ngo nawe ntaba Serieux, ariko abonye ko uwumukeneye afise iyo aja, ngo nta kibuza barajana.

Channy Queen yabwiye abamenyeshamakuru ko igituma abakobwa na cane cane abafise imiryango bataboneka cane mu Muziki, nuko baba bafise ibindi bajejwe bigatuma utwo baronse duke bashima kudushira mu bikenerwa n’umuryango gusumba mu Muziki.

Channy Queen yabajijwe nimba ubu yokwemera kuja muri Bantu Bwoy, avuga ko atacobibuza, kuko ngo azi neza ko uwo muryango ufise imigambi myinshi Kandi wipfuza gushika kure.

Uwo muririmvyikazi akaba mu bantu ashimira gusumba abandi, harimwo Kimana Stein asanzwe ari umutambukanyi wa Big Fizzo eka akaba na Manager wa Bantu Bwoy, kuko yamubaye hafi akatari gake.

Channy Queen co kimwe na Big Fizzo bavuga ko Manager Stein ariwe yafashe mu minwe ikorwa n’imenyekanisha ry’iyo Album nshasha ya Channy Queen.

Muvyo yagirizwa na Big Fizzo, n’ukutaboneka mu biganiro, uwo muririmvyi akaba aheruka kubikuramwo kuko muri ino ndwi 1 gusa akoze ibiganiro vyinshi gusumba ivyo yakoze mu mwaka uheze.

Ubu tukibaza nimba uwo muririmvyikazi azohava ahabwa ikaze muri Bantu Bwoy, ko wumva yasubiye ku kivi.

Mwomenya ko Channy Queen mu biganiro vyose ariko arakora muri ino misi, bigaruka cane ku rukurikirane rwiwe, aho atareka guhamagarira abantu kuja kuraba Kuma Platform agurisha umuziki. Naho aba ariko avuga umuziki, Lolilo we ntabura kugarukamwo, kuko inkuru yabo ariyo iriko iravugwa gusumba izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775