bp-members-invitationBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSportvolleyball

Charles Niyongabo vyukuri ni nde?yamaze iki?

Urukino rwa Volley ball ni rumwe mu nkino zikomeye kandi zikinwa cane kw’isi. Urwo rukino rwatangujwe na William Morgan i Massachusettes muri leta zunze ubumwe bwa Amerika hari mu 1895.

Urwo rukino na hano iwacu i Burundi rurahurumbirwa cane n’abakiri bato haba mu rwaruka ,ku mashure, eka no mu gisirikare no mu gipolisi .

Charles Niyongabo yoba ari nde?Niyongabo Charles yavutse kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 1956 .
Ni umwe mubateje imbere urwo rukino mu gisata c’ubuhinga kuko hambavu yuko muri kahise yakiniye umurwi w’igisirikare Muzinga, uyo mugabo niwe yatanguje volley beach muri 1992 arikumwe n’umukinyi wiwe Louis Rwakiranya yigeze kurongora ishirahamwe rya volleyball mu Burundi hamwe n’abandi.

Haciye imyaka ine muri 1996 , Niyongabo Charles yaratanguje ishure rya volleyball akaba yarikumwe na Ntwari Duc Trésor n’abandi .

Vyumvikana ko ivyo uyo mumenyereza yakoze bitaribagiranwa kuko yamenyereje imirwi myinshi harimwo Muzinga,Amical sportif de Bujumbura ubu akaba amenyereza Bisoro Volley ball club.

Mu kiyago yahaye Indundi sports , Niyongabo Charles aremeza ko abantu batanguye kwijukira volley arinaco gituma iriko iratera imbere.

Tubibutse ko Charles Niyongabo ariwe muvyeyi wa Fiston Niyongabo akinira Rukinzo b’umurwi nserukiragihugu wa volley ball,mu mwaka uheze akaba yakiniye Kirehe yo mu Rwanda na Muzinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684