BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Christian yavuze ko akaririmbo gashasha afise kataririmbwe kubwa Corona Gusa

Christian Irimbere mu kiganiro n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yavuze uburyo yisanze mu muziki. Muri ico kiganiro nyene yagarutse ku ndirimbo yiwe nshasha, n’ivyo yigiye mu gikorwa abanyarwanda bise “Guma mu rugo”, cari kigamije kugabanya gukwirakwira kw’ikiza ca Corona Virus.

Uwo muririmvyi wa Gospel azwi cane mu biteramo vy’uguhimbaza n’ugutazira Imana hano iwacu, yamenyesheje ko muri kino gihe afise akaririmbo gashasha bise “He is With You”. Ico gikorwa gishasha akaba yahumurije abantu bibaza ko yagikoze kubwa Corona, ariko ngo ubutumwa burimwo bushobora gufasha uwariwe wese bivanye n’uko afashe ubutumwa burimwo.

Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zitari nke, avuga ko yandika indirimbo abikora bivuye mu kiyago aba yagiranye n’uyu canke uriya. Aho agatanga akarorero k’imwe mu ndirimbo ziwe zavuye mu kiyago yagiranye n’umwe mu ncuti ziwe kuri Whatsapp, amuhumuriza, noneho bivamwo gukora indirimbo.

Uwo muririmvyi akaba yarangije ico kiganiro avuga ko indirimbo zose yanditse, yanaririmvye ngo zifise ikintu kinini gisigura mu buzima bwiwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe afise ibikorwa bitandukanye akorera I Kigali, imbere y’ibi bibazo vya Corona Virus akaba yahora asimbira I Bujumbura, noneho agasubira I Kigali aho asanzwe yisumamwo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775