BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Christophe Matata ngo yagiye atumvise indirimbo umuhungu wiwe Armel Matata yaheruka gukora

Jean Armel Matata ngo muvyo yibuka ku muvyeyi wiwe Christophe Matata nuko yitavye Imana ataramwumvisha indirimbo yaheruka gukora, kuko uwo muvyeyi yari mu rugendo rw’akazi muri Afrika y’epfo aho yarafise ibiteramo.

Mu kiganiro n’imwe mu mboneshakure zo mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho asanzwe aba muri kino gihe, yagarutse ku murage w’umuvyeyi wiwe mu bijanye n’umuziki.

Armel ngo nawe araririmba, kandi akanandika indirimbo zitari nke gushika ino saha. Ariko uwo muririmvyi avuga ko we ataririmba ngo abikore nk’umwuga kuko ubu afise ibindi acirukamwo bijanye n’ibimufasha kubaho n’ukubasha kwiteza imbere.

Ariko uwo musore avuga ko imbere yuko umwaka wa 2020 urangira, ngo azoba yamaze gushira ahabona igikorwa ciwe bwite, naho atareka kwandikira abandi bagasohora uturirimbo turyoshe kandi tukanakundwa.

Jean muri ico kiganiro kandi yaragarutse ku ndirimbo z’umuvyeyi wiwe aho avuga ko bari mu migambi y’ukuraba uburyo izo ndirimbo zoheza zikagira ico zinjirije umuryango uwo muririmvyi Uburundi n’Urwanda bwabuze butanka.

Aha mukamenya ko Armel ari impfuvyi kuko abavyeyi biwe bose bamaze gushengera, ariko akavuga ko atigeze abura umuvyeyi kuko afise nyinabo yamubaye hafi kuva na mama wiwe aritaba Imana, kuko bari basanzwe babana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799