BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Clementine Kavy yoba yakinjuye kuko Belle Nice yamwivye Sat-b?

Empire Avenue ayizi abatari bake mu bayirimwo uno musi ngo ata numwe arayizamwo, eka mbere itaranatanguzwa ku mugaragaro. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa nawe ubwiwe kuri Micro z’imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera ku buhinga ngurukanabumenyi.

Kavy ku kibazo c’ikinjura ryiwe muri iyo nzu y’ubusahirizi “Label”, uwo muririmvyikazi avuga ko abenshi batabimenye imvo n’imavo, eka ngo n’abarongozi b’iyo nzu nabo ngo ntibigeze babica n’ikanda ivyabaye, ariko ngo inyendamuvano ngo n’ishari ryaharangwa.

Iryo shari avuga, ngo ryava ku mukunzi akaba na mama w’umwe mu bana ba Sat-b, ariwe Belle Nice. Iryo shari akaba yamenyesheje ko atazi ico ryavako, ariko ikizwi co nuko ngo yamuraba nabi.

Nkuko yabandanije abiyagira mugenzi wacu akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu, ngo we ntivyokunda ko abandanya arikumwe mu mugwi umwe n’umuntu amuraba nk’inka yica. Ariko agatanga umuco ko ivyo akora mu muziki abishima kandi amushigikiye.

Abajijwe nimba batoba bapfuye umugabo, ubona ko uno musi Sat-b na Belle Nice babana nk’umugore n’umugabo. Kavy yishuye ko bitarivyo kuko we icari camujanye muri Empire kari akazi apana ivy’inkundo, kuko we ubu ngo yabihaye umugongo.

Kavy muri ico kiyago akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abakurikirana ibikorwa vyiwe ko boba magabo kuko indirimbo nshasha iri mu nzira, kandi ngo bakaba batazomaramara kuko ngo yabiteguye neza, naho avyitegurira ata busahirizi, Management, afise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775