footballhomepagekirundi_Sports

Coach Etienne Ndayiragije atanguye kugabishwa n’ukuburirwa

Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba, ntiyorohewe n’abafana kubera atahamagaye umukinyi Saido Ntibazonkiza mu gitigiri c’abazoboneka mu rukino rw’ukurondera itike ya CAN. Abafana bamwe bakaba batanguye no kumuburira ko ngo naramuka atsinzwe muri urwo rukino, ngo abafana batazomworohera.

 

Aho ni mu gihe uwutahamagawe nawe abandanya akayangana muri Tanzania iyo akinira umugwi wa Simba Sports Club.

Mu gihe abakinyi batandukanye bahamagawe ngo bazokine urukino rwo kurondera itike ryo kuja muri CAN 2023, batanguye gushika muri Tanzaniya mu mwiherero, abafana bo ntibavyunva kumwe n’umumenyereza Etienne Ndayiragije.

Mu misi iheze hasohorwa urutonde rw’abakinyi bahamagawe muri urwo rukino, hari amazina yabuzemwo, harimwo irya Saido Ntibazonkiza asanzwe akinira Simba Sports Club yo muri Tanzaniya, ari naryo ryateje ikibazo gikomeye.

Ibura ry’uwo mugabo yaraye atahukanye ubushimwe butatu muri Championna yo muri Tanzania, ryavugishije abafana batari bake.

Nkuko twabashije kubibona Kuri Post yakozwe na Masterland aho yavuga ngo :” Histoire ya Saido Ntibazonkiza ngo ni nko guheba umukunzi wawe, ugaca uguma umubona atagase n’abandi, agucako mu bipira vy’ibeyi.” Abafana agashavu karaniga.
Abo bafana nkuko twabashije kubibona, bakaba bavuga ko uwo mukinyi yarakwiye guhamagarwa muri uwo mukino, kuko ngo ari mu bakinyi b’abarundi bakina neza, akarorero batanze n’uburyo akinamwo muri Tanzania Kandi bigashimwa.
Abo bafana bakaba bavuze ko uwo mumenyereza w’intamba yokwererwa agatsinda urwo rukino ruzokinwa mu mpeza z’uku kwezi Kwa 6, igenekerezo rya 20, ngo nayo ahandi ho, ntibizomworohera.

Naho umumenyereza co kimwe n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi baheruka gushikiriza ko Ingabire Uburundi bufise ari nyinshi, Kandi umugwi nserukiragihugu utaba ugizwe n’abantu bamwe, abafana bo s’uko babibona.
Uwitwa Lionel yagize ati : Hahahah, asha natsindwa abafana ntazobakira, vyiza namutumeko ntihazobe urwitwazo rw’abafana.

Nayo Yves yongerako ati:” Ngo ni wamukinyi adashobotse, ariko aguma yoshayiningira,haaa abamenyereza ni hatari.”
Uwitwa Ndikumasabo Ati:” Uyu iyaba yari hanze baba bamwisemba.”
Uwitwa Jean Claude nawe ngo :” Coach Vyomubera vyiza atsinzwe ariko yahamagaye Saido, Sinon ntazoroherwa n’abakunzi b’Intamba.”

Ibura ry’ayo mazina akomeye mu mugwi w’intamba mu rugamba, bakaba basa n’ababirabisha mu gushaka kubihora kuko ngo batabonetse mu rukino rwa kivandimwe rwaheruka guhuza imigwi y’Uburundi na Indonesie.
Umufana yitwa Jonas yabashije kubivuga nawe yagize ati :” Igihugu ntawugitera akagere, Coach ivyo yakoze ni vyiza, nta kuntu yanse kwitabira inkino igihugu camutumyeko, nashaka atsinde 10 ku musi.”
Ukuronka igikombe c’umukinyi yigenjeje neza muri Championna yo muri Tanzania, bikaba bitaciye vyorosha ibintu, kuko bica biboneka umengo umukinyi atahamagawe mu Ntamba niwe akomeye cane mu bandi.

Uyu Mugabo atahamagawe we akazi kiwe karabandanya, kuko hampande y’amafaranga azanywe n’ukuguru kwiwe, Ntibazonkiza aheruka no kwugurura urudandazwa ry’ibikoresho birabishwa mu mupira w’amaguru.
Iyo duka ikaba yuguruwe I Bujumbura muri zone ya Buyenzi ya Komine Mukaza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 830