Entertainmenthomepage

Ubwo ivyo Big Fizzo akoze, Lolilo aravyakira gute?

Mu gihe Ivya Big Fizzo na Lolilo vyari bigize imisi bicureshe, uwo muririmvyi wa Ndabizi asubiye kandi kuvyonga akarere, anashiramwo umukobwa wiwe Eden, aho nawe yamwihakanye.

Big Fizzo asubiye Kandi gukoza agati mu ntozi, nta wuzi ikiza gukurikira mu misi iri imbere.
Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane w’uburayi muri ino misi, yashize ahabona video yiwe n’umukobwa wiwe ku rubuga rwa Facebook, ariko biboneka ko yabanje Kuri TikTok, aho bariko bavuga ku muririmvyi mugenziwe Lolilo.

Muri iyo Video, Big Fizzo yumvikana abaza umukobwa wiwe nimba amuzi Lolilo, amwana akamwishura ko amuzi. asubira Kandi amubaza nimba azi ko ari umu Tonton wiwe, umwana nawe abandanya kumwishura ko abizi.
Inyuma yaho yamubajije nimba azi ko Tonton wiwe amukunda, uwo mukobwa amwishura naho nyene ko abizi.
Big Fizzo n’umukobwa wiwe, bahavuye badahuriza ku kintu kimwe, aho Big Fizzo yasa n’uwubwira umukobwa wiwe Eden ko uwo mu tonton wiwe ari ikijuju.

Eden yabwiye Se ko uwo mu tonton atari ikijuju, noneho hahava hatangura impari zahavuye ziherere mu gufukwa umunwa kwakorewe Eden.
Iyo Video mu masaha adashika 48 yarimaze gukundwa n’abarenga 8000 ntiyagiye abantu batayivuzeko, kuko abatari bake bahavuye bagaruka Kuri iyo Video, buri umwe akaba yabonye ibitandukanye,

bamwe bakaba bagarutse ku buryo Big Fizzo asa n’umukobwa wiwe, ngo Burya icivyara n’ingwe.

Abandi babona ko afitanye n’agashushe na Mama Wiwe, Kima Stein.
Abandi babonetse bagira commentaire basavye Big Fizzo ngo yemere umwana wiwe abarizwa mu Rwanda yihakanye, ngo vyoba vyiza cane gusumba.
Abandi nabo babonye iyo Video nk’ikimenyetso co gukunda abo bakora akazi kamwe, ngo abandi n’abo nyene nibamwigireko.
Abandi nabo bakaba bavuze ko Eden asanzwe asumvya igifaransa abaririmvyi batandukanye barimwo na Sat-B.
Uwundi we akaba yayiciye umurya, avuga ko Lolilo niyumviriza iyo Video ngo aza gufata nkaho bamuteye amashurwe Kandi bamwise ikijuju.
Iyo video ikaba isohotse mu gihe muri ino misi hari hagize imisi hari agacerere hagati ya Big Fizzo hamwe n’uwo mugabo basanzwe ivyabo bitogera biguma hamwe umwanya munini, kuko buri gihe hatabura akidubikamwo.
Akenshi Big Fizzo akaba ariwe akunda kuvyura ikibazo, Kandi akakivyura mu bintu bisanzwe, ariko mu nyuma bigaca biba binini.

Ibishoboka nuko Lolilo ashobora mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe gukora Ibiganiro bitari bike, noneho akagaruka Kuri iyo Video. Akaba ashobora kuyakira neza, canke kutayakira neza.
Iyi Video Kandi ikaba isohotse mu gihe abahungu biwe Kirikou Akili na Double Jay bari bagize imisi bariko baravugwa, kubera ivyo bakoze muri PRIMUSIC.
Imbere yabo naho hakaba hari hagize akanya hariko havugwa Ivya Drama T, kubera ibiteramo aheruka gukorera mu Bufaransa no mu Bubirigi.

Iyi Video Kandi isohotse mu gihe Lolilo aheruka gusohora Indirimbo iri mu mudiho wa Hip Hop, Indirimbo yavugishije abatari bake, aho babazanije umuntu yoba yacokoje Lolilo kugira yiyumvire gukora Rap.

Ubu rero abarabira hafi ivy’abo baririmvyi uko ari babiri, bakaba bavuga ko hashobora guca uwa mbaye mu misi iri imbere, kubera iyo Video.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706