Saido Berahino kizigenza w’Intamba mu rugamba avuga ko bipfuza kwandikisha amateka ku musi w’ejo bakirabira CAN 2024 .
Berahino avuga kandi ko abakinyi bakiri bato kandi bafise impano zidasanzwe kandi bafise intego ( Ambitieux) . ngo bazogira ico bashoboye kugira batahukane itsinzi ku musi w’ejo.
Kizigenza Saido Berahino avuga kandi ko ari umugwi wa Cameroun ufise igututu bivanye n’uko arico gihugu gikomeye , nticari gikwiye kuba kiriko kiriruka no guhiga itike ku musi wanyuma ariko ngo vyose ni umupira .
Ngo ku musi w’ejo bazogerageza gutsinda bidakunze ko batsinda banganije bizoba vyiza .