Entertainmenthomepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Sangwa na Vallery batanze imihoho mu mugwi nserukira gihugu .

Abagabo babiri bari muri Staff y’Intamba mu rugamba batanze imihoho inyuma yo gutsindwa na Cameroun ibitsindo 3-0.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 13 Nyakanga 2023 , niho hamenyekana amakuru avuga ko Patrick Sangwa yahora ari icegera c’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba hamwe na Vallery Nahayo yahora ajejwe kwerekana imikenyuro y’abakeba .

Imwe mu mvo ishobora kuba yatumye abo b’abamenyereza babiri bahitamwo gutanga imihoho ni ukutumvikana n’umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije .

Indundi Sports yashoboye kwegera uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) Muyenge Alexandre kugira atange umuco kw’itanga imihoho kuri abo bagabo babiri bahora muri Staff y’Intamba mu rugamba .

Muyenge Alexandre akaba yatubwiye ko itanga imihoho rya Patrick Sangwa ari uko afise amabanga menshi mu gihugu c’Ububirigi , nayo kuri Vallery Nahayo naho akaba yavuze ko iyo nkuru atayo yarazi ayimviye iwacu.

Mwomenya ko Patrick Sangwa asanzwe ari umumenyereza wa kera ariko muri kino gihe asanzwe amenyereza umwe mu migwi yo mu cicaro ca 3 mu gihugu c’Ububirigi , mugihe Vallery Nahayo akazi yari afise ari ako kwiga imikenyuro mu mugwi nserukira gihugu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 869