BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yoba agiye gusohora iyindi ndirimbo ya Hip Hop?

Big Fizzo inyuma yaho amenyeshereje muri Indundi Hit show ko Indirimbo za Hip hop zuzuye ngo igihe nicagera zizosohoka, kuko nkuko abarundi bayamaze inkoni ihira igihe, yateje uruhagarara Kuri Facebook yiwe, kubera video yashizeko.

Akoresheje urubuga rwa Facebook, uwo muririmvyi yamenyesheje ko hari Indirimbo yafashije umuririmvyi w’umunya Senegal, amubaza abayiteze.

Naho atatomoye neza ko yoba ariyo, muri video yashize ahabona, yumvikanye aririmba mu rurimi rw’igiswahiri, Kandi mu midiho wa Rap, umudiho uzwiko awukoresheje haba hari ubutumwa kanaka aba ashaka gushikiriza.

Abafana babashije kugira ico bashikiriza, bamenyesheje ko vy’ukuri bamwiteganye igishika cinshi cane, abandi bamuha gasopo, ngo Ari nka hamwe atabashije kubaha iyo ndirimbo ngo bashobora kudahuza.

Abandi babashije kuboneka bavuze ko igihe Arici gihe, basa n’abamenyesha ko uwo muririmvyi ashobora kuba ariwe musimbura wa 2pac, azwi nk’umwami wa Hip Hop.

Mukamenya ko Big Fizzo yaheruka gusohora Indirimbo iri muri uwo midiho, haraheze amezi 4 gusa, iyo nayo ikaba Ari Ngangari. Ubu ikaba igeze ku bayikurikirana barenga 600,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757