africa newsEast Africa NewsHealthhomepagekirundiRwanda

#Coronavirus| Ababa mu Rwanda muri rusangi basabwe kudasubira gusohoka amazu mu kiringo c’indwi 2

Inyuma yaho ibihugu nk’Urwanda, Ubugande, Kenya na Tanzania bahagarikiye ibikorwa bihurirwamwo n’abantu benshi nk’ibiteramo, amasengero, amashure n’ibindi, Urwanda rwo rwahavuye rufata ingingo yo kugumiza mu mazu abanyagihugu mu kiringo c’imisi 14.

Mw’itangazo ryashizweko umukono n’umushikiranganji wa mbere “Dr. Edouard Ngirente” mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yamenyesheje ko imipaka yugawe, gusohoka mu mazu co kimwe n’ingendo zitihutirwa bitarekuwe.

Abakozi baba aba Leta n’abikorera utwabo bose basabwe gukorera muhira. Amasoko n’amaduka navyo vyarugawe, eka n’imiduga yunguruza abantu, co kimwe n’ama moto navyo vyarahagaritswe.

Ibikorwa vyabandanije bikora vyonyene, n’ibibanza badandarizamwo indya, ama Restaurant ariko naho nyene ku babitora babitwara, amavuriro, n’ibibanza badandarizamwo imiti. Ariko ngo abinjiza n’abasohora ibidandazwa haba hagati y’uturere, canke abinjiza ibintu babikuye hanze y’igihugu bikaba bibandanya.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho hamenyekaniye ko bamaze gutora abantu bagera kuri 19 bafise iyo ngwara. Umurundi umwe akaba ariwe ari muri ico gitigiti c’abamaze gufatwa n’uwo mugera w’iyo ngwara, akaba yari avuye i Dubai yerekeza i Bujumbura, noneho abonwako ibimenyetso vy’iyo ngwara ageze i Kigali.

Gushika ubu abarenga 336 838 bakaba bamaze gufatwa n’iyo ngwara, abashika 14616 baramaze kwitaba Imana, nayo 97636 bakaba bamaze gukira ico kiza cateye isi. Muri afrika y’Ubuseruko naho Ubugande bumaze kubona 1, Urwanda bamaze kuba 19, Kenya ifise 15, Tanzania 12, Congo imaze kubona 30, umwe akaba amaze kwitaba Imana, nayo Soudan ikaba nayo imaze kubona 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756