Entertainmentfootballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Cristiano agiye kugura ibikoresho vyo kugwanya COVID-19 abigabire ibitaro

Cristiano Ronaldo hamwe n’abandi bakinyi batandukanye batanguye gushira amafaranga yabo mu kugwanya ikiza ca Covid-19 cateye isi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Fox Sports avuga ko uwo mukinyi afatanije n’umwe muba Agent bakomeye muri Portugal bagiye hamwe ngo bagure ibikoresho vyo kwifashisha mu kugwanya ico kiza.

Ayo makuru dukesha avuga ko uwo mukinyi ahembwa amafaranga angana n’ 80,000 vy’amafaranga y’ubwongereza ku mwaka, ngo agiye gushira igice c’ayo mafaranga mu kugura ama Mask 50,000, co kimwe na n’ibindi bikoresho bitandukanye kugira bihabwe ibitaro bitandukanye muri ico gihugu.

Uwo mukinyi rikaba ritazoba ribaye irya 1 abikoze kuko mu mwaka wa 2015 yahaye Ingabire ingana n’5,000,000 £ rimwe mu mashirahamwe muri Nepal, inyuma ya Nyamugigima yateye ico gihugu.

Cristiano akaba ahambije abandi nka Zaltan yatanguje urugamba rwo kwegeranya uburyo kugira buzohabwe ibitaro muri Italie, hakaba hiyongereyemwo abandi bamaze gutanga ibibanza mu ma Hotel yabo ngo hakirwemwo abafise ibimenyetso vy’iyo ngwara, kugira babashe kuvurwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 904