footballkirundikirundi_Sports

Cristiano yabonetse ku kibuga I Madrid, Barca itsindwa na Real Madrid

Mu gihe kuri uyu wa mungu isaha zitatu z’ijoro ku masaha y’I Madrid hari haramutse habera urukino rw’umupira w’amaguru wahuza imirwi ikomeye ku mugabane wa buraya, Real Madrid hamwe na Fc Barcelona, Cristiano nawe yahabonetse mu bwugamo bw’iteka aje kwihera ijisho.

Uwo mukinyi akaba nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane w’Ubuyari abishikiriza, ngo yahabonetse kubera inkino zegejwe inyuma mu butariyano inyuma yaho hamenyekaniye ko ca Kiza ca CoronaVirus gitera Covid-19 cahateye, gushika ku musi wa 5 hakaba hari hamaze gufatwa abarenga 200 mu buraruko bw’ubutariyano.

Ivyo bikaba vyahavuye bituma uwo mukinyi akomeye cane muri ico gihugu c’Ubutariyano abona kwerekeza ku mugwa mukuru I Madrid ngo nawe abashe kuraba urwo rukino rwahavuye rurangira ku bitsindo 2 ku busa bwa FC Barcelona.

Mukamenya ko uwo mukinyi yaheruka kuhaboneka akina inkino nkizo muri Saison ya 2017-2018, aho yahakiniye umukino wa nyuma, imbere yuko asimbira mu butariyano. Muri uwo mukino bakaba baranganije 2-2 ariko kandi anaronkamwo igitsindo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669