groups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundikirundi_Sports

Cyclisme : Hatowe abakinyi bazoserukira Mwumba

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Kigarama 2020 muri komine ya Mwumba mu ntara ya Ngozi abana 131 harimwo abigeme 8  barahiganywe bakaba birutse ibirometero  21, abo bana bakaba bari bafise imyaka iri hagati ya 15 na 17.

Ivyo birori vyatewe iteka na musitanteri wa komine Mwumba hamwe n’umwe mu baserukiye Buramatari w’intara ya Ngozi tutibagiye n’uwaserukiye umugambi Jesics wa ambassade y’abafaransa mu Burundi .

Uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga Ingénieur Arnaud Patrick Iryumugabo  yamenyesheje ko batatu bambere mu bahungu no mu bigeme bazoca bajanwa mu kigo c’ubuhinga mu Rwegura aho bazokurikiranwa neza bongere bashigikirwe .

Umwigeme Rukundo Emmanuella yigeze kuba uwa mbere mu mahiganwa y’igihugu yari mu bitavye iryo higanwa akaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu minota 50 yirutse mbere akaba yasize n’abahungu.

Mwomenya yuko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo kurondera ingabirano ziri mu bana bamuka i Mwumba nkuko bari babikoze mu ntara ya Makamba i Nyanza lac .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872