groups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Cyclisme :Makamba niyo izokwakira ihiganwa ry’igihugu

Bamwe mu barongozi b’ishirahamwe ry’urukino rw’amakinga (Fédération Burundaise de cyclisme) baraye mu ntara ya Makamba muri komine Nyanza lac bakaba bahafise umubonano ubahuza n’indongozi mu gisata c’umutekano, igisata c’indero hamwe n’abari mu nzego zitandukanye mu ntara nziza ya Makamba .

Muri FBC batanguye kwitegurira ihiganwa ry’igihugu Championnat national itegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga kw’igenekerezo rya 4-5 na 6 muriyo komine nkuko twabibwiwe n’icegera c’uwurongoye FBC Felix Ndikumana aho yamenyesheje ko fédération irongowe na Arnaud Patrick Iryumugabo iriko itegura ihiganwa riryoshe kandi rizoba ririmwo akabirya. Kazoba ari akaryo ko kurondera ingabire ziri mubana bakiri bato bakina cyclisme.

Hamaze kwiyandikisha abakinyi 61 bavuye mu mirwi 12 .
Iyo mirwi ni nka Akaranga , Buffalo , Ikangure , Urumuri , Mirage , les alizés du nord , association cycliste de Ngozi , CEED , Super strong , Mugamba , Ntusiga , EACT Nyanza lac.

Francoise Ngozirazana arongoye intara ya Makamba aganira na Indundi tv yavuze ko yashimishijwe n’umugambi wa federasyo wo kurondera ingabirano mu bana mu vyo gusiganwa n’amakinga .
Mwomenya ko hazohiganwa abana 100 mu bahungu n’ijana mu bakobwa mu mugambi ufashwe mu mugongo na Ambassade y’ubufaransa mu burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 646