AthletismeBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Cyclisme : Ninde azotahukana umudali w’inzahabu mw’ihiganwa ry’igihugu

Mu mpera zino ndwi turimwo hazokinwa ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga mu ma komine abiri Nyanza lac na Mabanda yo mu ntara ya Makamba nkuko tubibona kucapa cerekana aho abahiganwa bazoca ku ma genekerezo ya 5 na 6 Nyakanga 2020 ,mw’ihiganwa ry’igihugu Championnat national .

Abanonotsi bavuye mu mirwi 12 nibo bitezwe mu bisata bitandukanye aho twobabwira mu bagabo nka Jacques , Amadi , Obedi, Mussa n’ abandi tutibagiye no mu bigeme abarindiranywe igishika akaba ari Hawa w’i Ngozi ,Adelphine w’i Gihanga na Yvonne yamuka I Nyaza lac .

Hazoca hahiganwa abana 100 b’abahungu n’abana 100 mu bigeme kuri Matabaro mw’ihiganwa ryafashwe mu mugongo na Ambassade y’ubufaransa mu Burundi .

Batatu bambere mu bahungu no mu bakobwa bakazojanwa kwimenyereza mu kigo c’ubuhinga mu Rwegura mu ntara ya Kayanza .

Mwomenya yuko imyiteguro igeze kure mbere kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Nyakanga 2020, uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa kw’ikinga azotanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru isaha zine z’agatondo mu kigo c’urwaruka inkino n’imicokama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 685