groups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Cyclisme:Makamba yahaye ikaze abategura ihiganwa ry’ikinga

Mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo hakinwe ihiganwa ry’igihugu muvyo gusiganwa n’amakinga mu ntara ya Makamba , ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga ryaratunganije umubonano n’inzego zo mu ntwara i Makamba , hazoba n’ihiganwa ryo kurondera ingabirano ku bana 200 bo muri komine ya Nyanza Lac ku mfashanyo ya ambassade y’ubufaransa mu Burundi.

I Makamba hari ingabirano nyinshi mu nkino tutibagiye no mu gusiganwa n’amakinga ivyo vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Makamba Francoise Ngozirazana .

Kubw’uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga Ingénieur Arnaud Patrick Iryumugabo yamenyesheje ko ihiganwa ry’uno mwaka rizoba ririmwo akabirya kuko bazonatoramwo abana bafise ingabire bafise hagati y’imyaka 17 na 18 , aba mbere batatu batatu muri iryo higanwa ry’abana bakazoshirwa mu kigo co kwimenyereza mu Rwegura mu ntara ya Kayanza .

Mwomenya yuko hamaze kwiyandikisha abakinyi 61 bamuka mu mirwi 12 ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 646