BurundiBurundi-Gospeldiaspora musicEntertainmentGospelhomepagekirundimusic

David agiye gusubira gushira ahabona indirimbo ziri mu kirundi

David ngo ntiyibagiye abakunzi b’ibikorwa vyiwe bakunda ururimi rw’ikirundi, kuko ariko abategurira urukurikirane ruzoshirwa ahabona vuba cane.

Inyuma y’igihe ari mu gacerere gakomeye cane, David Nduwimana asigaye yitwa David Trésor ku rubuga rwa Facebook yagize ico avuga kw’igaruka ryiwe mu muziki ndundi.

Muri Video yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook yavuze ko yaragize igihe afatiriwe n’ibikorwa vy’ukwitegurira Album y’indirimbo ziri mu congereza yakoranye n’umurwi wo kuririmba asanzwe arimwo. Izo zikazosohoka mu kwezi kwa 4.

Ariko naho biruko, David yavuze ko atibagiye ivy’ukuririmba mu rurimi kavukire, kuko yafashe akanya ko kwandika uturirimbo turi mu rurimi rw’ikirundi. Zimwe murizo akavuga ko zizoshirwa ahabona mu kwezi kwa 2 kw’umwaka uza.

David akaba yanavuze ko hari ama video agiye kuza arakora atangurira isohoka ry’izo ndirimbo, akazoza arasohoka buke buke.

David ntiyariye umunwa mu kuvuga ko akumbuye igihugu camwibarutse, n’abaho, akavuga ko Imana ibikunze azoza igihe kigeze.

Mwokwibuka ko David ari umwe mu baririmvyi bari bakunzwe cane hano iwacu, akaba yabarizwa mu rusengero rwa Life Center imbere yuko yerekeza mu gihugu can Australia aho abarizwa muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776