BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

David , Appolinaire na Denise B. Nkurunziza batowe mu bandi

David Tresor Nduwimana niwe muririmvyi w’umurundi agiye guhabwa agashimwe nk’umuririvyi mwiza wo ku mugabane wa Oceanie.

Uwo muririmvyi akaba azohabwa ako gashimwe na Rise and Shine World ishirahamwe rishimira abantu bava mu masengesho atandukanye, babashije gukora kugira bakwize Ijambo ry’Imana mu Mahanga.

Nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Instagram rw’iryo shirahamwe abishikiriza, uwo muririmvyi akaba atazoba ari wenyene kuko Pastor Denise Bucumi Nkurunziza nawe ari mu bazoshimirwa aho nawe azohabwa agashimwe nk’uwufise umutima w’inzahabu muri 2022 ( Heart of Gold of the year of 2022).

Uwundi azoshimirwa na Rise and Shine World ni Apotre Appolinaire Habonimana, aho nawe azoshimirwa nk’umuririvyi w’ibihe vyose.

Abo bantu dushikirije bakaba barikumwe n’abandi batandukanye barimwo nka Dr Pauli Gitwaza, Rev. Antoine Rutayisira, Israel Mbonyi, Vestine na Dorcas Bakomoka mu Rwanda, eka mbere n’abandi batandukanye bava mihingo itandukanye ya Afrika, Amerika, na Oceanie.

Ibirori bitandukanye biriko bitegurirwa iyo misi mikuru bikaba vyose bizoba mu kwezi kw’2 muri Australia.

Shine and rise World bakaba ari nabo bariko bategura uruhererekane rw’ibiteramo vya Israel Mbonyi muri ico gihugu, bikaba bizoba guhera igenekerezo rya 14/1 gushika igenekerezo rya 11/2 muri ico gihugu nyene.

Rise and Shine bakaba Kandi bariko barakoresha amahiganwa atandukanye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho mu bariko batanga amanota, harimwo Eddy Kamoso, umunyeshamakuru wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, akaba Kandi yarakoreye hano iwacu igihe kitari gito, aho yaremesheje ikiganiro Inanga ya Dawidi kuri Radio Television Rema.

Tugarutse kuri David Nduwimana, nuko uwo muririmvyi anitezwe i Bujumbura nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Akeza abishikiriza. Guhera mu kwezi kwa 5, ukwezi azoshikiramwo gushika mu kwezi kw’7, uwo muririmvyi akaba yitezweko gukora ibiteramo bitandukanye hano iwacu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775