Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

David Ndikuriyo yimitswe mu mabanga mashasha

Umukinyi wa kera w’umupira w’amaguru akaba yarigeze no kuba umunonotsi Ndikuriyo David batazira Maras yagenywe mu mabanga yo kuba musitanteri wa komine Mabanda mu ntara ya Makamba ihana urubibe na Kigoma Tanzania.

Ndikuriyo David ni umwana avuka ku bavyeyi umwe ari  umu pasitori , akaba yatanguye guhurumbira inkino kuva akiri muto cane , agishika mu mwaka w’indwi uyo mugabo yarakaze mu kwiruka imetero 100 mu rukino rwo gusiganwa Athlétisme ariko ntiyabibandanije kubera ko mu maraso yiwe yiyumvamwo cane urukino rw’umupira w’amaguru muri Rumuri akabifadikanya n’ivyirwa mu gisata c’ubutunzi muri kaminuza y’uburundi kubamuzi akaba akunda cane umurwi wa Manchester United wo mu bwongereza , uwo musitanteri mushasha wa Mabanda akaba avukana na Habimana Aimable asanzwe ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe FFB Habimana Aimable batazira Marandura canke King abandi bakamwita Yamigambi akaba ari nawe bakoranye nubu bakiriko mu murwi Lydia ludic Burundi kuva imbere ya 2009 .

Kubazi Ndikuriyo David aramutswa ikomine ya Mabanda mu ntara ya Makamba ni umuntu akunda abantu akaba akunda umwumvikano n’ikiyago .

Tubibutse ko yubakanye na Iryivuze Béatrice.

Suyo gusa ari mu vy’inkino eka na musitanteri wa Rumonge Célestin Nitanga aramutswa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Rumonge nawene yarizewe.

Indundi imwifurije amabanga mashasha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684