Burundidiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

David ngo vuba arashira ahabona urukurikirane rushasha

Mu gihe hari haheze imisi tubamenyesheje ko hari indirimbo umuririmvyi David avuga ko uno mwaka azoshira ahabona ziri mu rurimi rw’ikirundi, izo ndirimbo yasubiriye kumenyesha ko ziri hafi cane.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi w’Umurundi abarizwa muri Australia yamenyesheje ko mu kiringo gito cane agiye gushira ahabona indirimbo nshasha yise Mubwigobeko.

Yagize ati : “ Mu gihe kitarenze ukwezi ndashira ahabona urukurikirane rw’indirimbo nshasha nise Mubwigobeko, iki gihe nari ndakirindiriye ko gishika. Imana Ishimwe.

Ku boba batamwibuka, David akaba azwi cane kuba yakunzwe cane kubera uburyo yafasha abantu kuririmba mu biteramo vyo gutazira abantu mu rusengero rwa Life Center benshi bazi nko kwa Appolinaire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775