africa newshomepagekirundi

Denis Sesou Nguesso buca asubira kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2021

Denis Sesou Nguesso agiye gusubira kwitoreza kuba umukuru w’igihugu, inyuma y’ukumara imyaka 35 ku butegetsi bw’ico gihugu.

Denis Sessou Nguesso yasubiriye kandi kwizerwa n’umugambwe akomokamwo PCT ngo asubire kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri 2021.

Hampande yo gusubira kwitoza, ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu rikaba rinamuha ububasha bwo kwongera kwiyamamariza ico kibanza mu mwaka wa 2026.

Naho yasubiye kwizerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bo bakaba babibona ukundi, kuko babona ko ivyankenerwa bidakwiye kugira ico gihugu gisubire gutegura amatora muri uwo mwaka wa 2021.

Abo batavuga rumwe bakaba basaba ko hegezwa imbere ico gihe c’ugutegura amatora gushika mu mwaka wa 2023, ariko uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 76 atari mu gitigiri c’abitoza.

Ababirabira hafi bakaba bafise ubwoba kubera mu mwaka wa 2016 aho yaheruka kwitoza agatsinda, vyateye impagarara muri ico gihugu.

Denis yafashe igihugu mu mwaka wa 1979 agitwara imyaka 12, hari umugambwe umwe gusa. Ariko aza gutsindwa mu matora, aho haziye imgambwe myinshi, naho nyene abanje gushirwako igitsure.

Sessou Nguesso yagarutse ku butegetsi biciye mu matora mu mwaka wa 2009. Ibwirizwa nshingiro ryo muri 2015 rikaba ryamuhaye akaryo ko gusubira kwitoza muri 2016.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755